homepagekirundikirundi_SportsWorld News

Neymar yabwiye ikijambo kigumye umusifuzi

Mu gihe abatari bake bari biteze ko Neymar ashobora guhanwa n’umurwi ujejwe indero, kubera inyifato yifashe imbere y’umuhagarikizi, abantu batangaye bumvise ko ata kizomwagira, kuko mu cegeranyo catanzwe hatigeze hashirwamwo ivyabaye.

Amakuru dukesha ibinyamakuru ku mugabane wa buraya avuga ko uwo mukinyi ngo yari buzohamagarwe n’uwo murwi ngo yisigura uburyo yoba yaraburiye indero umufasha w’umusufuzi w’urukino hagati ya Montpellier na PSG.

Ayo makuru abandanya kandi avuga ko kuva ashikirije ico kijambo kiremereye ngo abantu batari bake bataretse kugira ico bashikirije ku mbuga ngurukanabumenyi, nkuko bishikirizwa n’ikinyamakuru 10sports.

Mukamenya ko uwo mukinyi ngo yadoze ku muhagarikizi w’urwo rukino, noneho nawe agaca amuha ikarata y’umuhondo, ariko guca asubira kwidoga kandi ku musahirizi w’uwo muhagarikizi, ariko akabivuga mu rurimi rw’iki Espagnol, ariko gusabwa n’uwo musahirizi kubivuga mu gifaransa, noneho aca amubwira ikijambo tutashimye gusubiramwo ngaha.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871