kirundikirundi_SportsWorld News

Neymar yasubiriye kuboneka ari mu myimenyerezo

Neymar yasubiriye kandi kuboneka ku kibuga c’umupira w’amaguru aho umurwi wa PSG wariko urimenyerereza kuri uyu wa 5, ariko hakaba hakiri kare ngo vyemezwe ko uwo mukinyi azokina mu rukino rw’igice c’umunani gishira ica nyuma ca Ligue des Champions.

Uwo mukinyi akaba abonetse mu gihe uwo murwi wiwe wari wamenyesheje mu ndwi iheze  ko yakomeretse kandi. Ibintu bikaba vyari bibabaje kuko yari yagarutse abantu bamunyotewe kubera yari amaze igihe ari muvyo gukomereka gusa, icizere kikaba cari catanguye kwirema mu bakunzi biwe.

Bikaba bishitse kandi mu gihe yaheruka kumenyesha ko akeneye gusubira mu kibuga bidatevye gose. Uwo mukinyi akaba yari yakomeretse mu ndwi iheze, bica binatuma atabasha kwifatanya n’abandi mu rukino rwabahuje na Nantes ku musi wa kabiri.

Hampande y’urwo rukino rw’igice c’umunani gishira ica nyuma ca Champions League, mwomenya ko baniteze guhura na Olympique Lyonnais ku musi wa  mungu igihe c’isaha zine z’ijoro ku masaha y’I Bujumbura.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 636