homepagekirundikirundi_SportsWorld News

Neymar yateze PSG yipfuza kumugumana

Neymar yashize imigozi mu masezerano ashobora gusubira gukorana na PSG mu gihe bomusaba ko aguma muri uwo murwi uri ku mugwa mukuru w’ubufaransa ariko ukaba ari uw’abanya Qatar.

Ukuguma muri PSG kwa Neymar ngo naho kukigoye, ariko icizere co kiracahari. Ivyo n’ibishikirizwa n’umwe mu ncuti za Neymar.

Ukwo kuguma muri PSG kuvurwa ngo kurakunda kuko ahakunze kandi ahembwa neza, ariko ngo hariho ibindi uwo murwi utegerezwa gukora kugira uwo mukinyi w’imyaka 27 abashe kuguma akinira uwo murwi w’abanya Qatar.

Ico iyo ncuti ya hafi ya Neyamar ishikiriza nuko bakeneye ko uwo murwi utsinda amahiganwa, kuko ngo muvyatuma yumva ko ashaka gusezera uwo murwi kwari uko ataco abona uwo murwi uriko uramara (nturiko uratsinda).

Ivyo bikaba bisigura ko uwo murwi udakwiye kubandanya utsindwa n’imigwi nka Manchester United, ariko noneho ugatwara ibikombe bikomakomeye ku mugabane wa buraya.

Naho wumva ko abamwegereye bavuga ayamuhe muvyo yipfuza, uwo murwi wo ukaba usa n’uwuri mu gacerere kadasanzwe, aho bataravuga ico bazokora uwo mukinyi asigaje imyaka 2 gusa ngo amasezerano afitanye n’uwo murwi arangire.

Neymar naho ahembwa neza, akaba ari umukinyi yabateje urubwa muri iyi myaka 2 iheze kuko yakomeretse kenshi, bituma mu gihe bari bamukeneye atariho bamubonera.

Mukamenya ko kenshi kubisanzwe ata murwi wemera guheza amasezerano n’umukinyi kuko aca agenda batamugurishije. Ivyo navyo uwo murwi ukaba utovyemera kuko wamuguze amafaranga atari make, angana na euros 222,000,000 arenga 666,000,000,000 z’amafaranga y’amarundi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871