Entertainmenthomepagekirundi

Ngangari ya Big Fizzo ngo yavuye mu menyo y’ingwe

Hampande y’intambara y’amajambo igize imisi iriko iribonekeza hano iwacu kubera ijambo umudimudimu, co kimwe na gasopo yatanzwe, Big Fizzo asubiye Kandi kugaruka mu gakino.

 

Ya Ndirimbo Ngangari yari irindanywe igishika cinshi hano iwacu, ngo igiye gushirwa ahabona. Ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Manager Stein, ari nawe ngo yari yayifatiye mu kwaha ngo ntisohoke.
Hakoreshejwe urubuga rwa Whatsapp, Manager Kimana Edith Stein yasavye abafana kuba baraja gukora Subscribe Kuri YouTube ya Big Fizzo, kuko ngo igikorwa Kiri mu nzira.
Stein ntiyabashije kuvuga umusi iyo ndirimbo izosohokera, ariko yerekanye ko hatazogera igenekerezo rya 20 z’uku kwezi Kwa 4, atarabasha gusohora iyo ndirimbo.
Uwo mutambukanyi wa Big Fizzo Kandi ntiyabashije gushikiriza nimba iyo ndirimbo ya Big Fizzo izosohoka ari audio, canke Ari Video, kuko Mugani gusohora Audio ata kibazo na kimwe bimutera.
Iyi ndirimbo ikaba isohotse Big Fizzo aheruka gushikiriza ko abafana biwe batari bakwiye guhagarara ngo barindire iyo ndirimbo Ngangari gusa, kuko hari Album yemeye Kandi iri mu nzira.
Iyi ndirimbo izoba isohotse Kandi inyuma y’ishirwa ahabona ry’indirimbo zitari nke ziri muri za Album zibiri Legendary na desideratus za Big Fizzo zasohowe mu misi iheze Kuri YouTube yiwe.
Ubu rero tukibaza nimba Big Fizzo atoba yarahoze muri iyi ntambara yari igize imisi imuhuza n’abatari bake barimwo DJ Paulin, eka mbere n’ishirahamwe ry’aba Metis mu Burundi, kugira bikunde ategure umuzo w’iyi ndirimbo nshasha.
Bikaba bigoye kugira ico ubivugwako, kuko Big Fizzo kuva atanguza ya Ntambara y’amajambo, akaba ata kiganiro na kimwe arabasha gukora. Nta wuzi ko yafashe umwanya wo kuvyiyumvirako, canke adashaka kugira ico abivugako.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 753