homepagekirundikirundi_SportsWorld News

Ngo nta wundi murwi wohemba Neymar ayo ahembwa na PSG

Imirwi imwe ntiyerekwa Neymar kubera umushahara, iyindi nayo ngo yerekana ko itamunezwe, nayo iyimukeneye bakaba basa n’abayiremereza.

Uko bihagaze gushika ubu, Neymar ngo ashobora kuguma muri PSG no mu mwaka uza, kuko hakiri ibibazo bikomeye bituma uwo musatirizi wa PSG hamwe na Bresil adashobora kuja mu yindi mirwi.

Amakuru dukesha ikinyamakuru Foot Radio avuga ko uwo mukinyi imirwi imukeneye iharurwa ku ntoke, harimwo na PSG itipfuza kumurekura, iyindi yose ngo ntavyo ishoboye canke itanavyipfuza bivanye n’amafaranga bamushakako co kimwe n’agahembo bomuha.

Aho mukibuka ko uwo havuzwe vyinshi kuriwe muri uno mwaka, aho bamwe bavuga ko ashikiriza ko atanezerewe no kuba ari muri uwo murwi, abandi nabo bagashikiriza ko abishima ariko hakiriho ivyo agishaka ko umurwi ukora kugira babashe kugumana.

Nayo uno mwaka bikaba bitazokworoha kuri uwo mukinyi akunze kuvunika cane, kuko arikumwe n’umurwi nserukiragihugu wa Bresil bimirije gukina COPA America, hamwe na Ligue des Champions barikumwe na bagenziwe bo muri PSG.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 871