BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Ngo nta wuzi amasezerano yari hagati ya B Face na Monna Walda kuko we s’umu Video Vixen

 

Amasezerano yari hagati ya B Face na Monna Walda ngo nta wuyazi, ayatumye uwo muririmvyikazi aja muri Video y’uwo muririmvyi akaba Video Queen. Kandi ivy’ukuja mu ndirimbo z’abandi uri umuririmvyikazi ngo n’ibintu bitegerezwa kuba gake kugira abantu ntibamumenyera nkaho yoba ari umu Video Queen.

“Ubwa mbere jewe sindi umu Video Vixen, bisaba guhitamwo kimwe muri 2, kuba umuririmvyikazi canke kuba umu Video Vixen. Naramubaye kwa B Face, ntimuzi ivyo jewe twari twaravuganye, amasezerano twari twarahanye.”

Ivyo uwo muririmvyikazi yabishikirije inyuma yaho humvikaniye R Flow avuga ko Monna atamwishuye amusaba ko yoba Video Queen muri imwe mu ndirimbo ziwe. Ariko aho ageze Rich nawe uno musi ngo ntiyomwifashisha mu ndirimbo yiwe, kuko igihe yabimusaba ngo n’igihe yaragitorwa nk’igisonga ca Miss Burundi. Ico gihe uwo muririmvyikazi akaba yararikwa aravugwa cane.

Uwo muririmvyi yabajijwe na Hosy nimba ubu bobasha gukorana nawe, uwo muririmvyi yavuze ko ubu atoshima kumukoresha muri Video Clip kuko amaze gukoreshwa mu zindi ndirimbo. Ahubwo ngo igishoboka ngo ubu aramutse ashimye ko bakorana ngo nuko bokorana indirimbo. “Kubwanje noshima bishobotse ko twokorana indirimbo”.

Aha mukibuka ko Monna yigeze gushikiriza mu kiganiro yagiranye na Hosy nyene ko kuja muri Clip Video ya B Face yabikoze kugira amushimire kubona yaramufashije mu ndirimbo yiwe ya mbere yakoze, haba mu masanamu co kimwe no muri Studio.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775