Burundigroups-at-messagekirundikirundi_SportsSport

#Ngozi| Simplice Niyokindi azokwibukwa

Umukinyi wa kera wa JS Muremera na Ngozi city Niyokindi Simplice azokwibukwa na bamwe mu bakinyi bakinanye kuri uyu w’imana igenekerezo rya 16 myandagaro 2020 i Ngozi ku kibuga Agasaka .

Simplice akaba yaba muri karitiye Kinyami mu gisagara ca Ngozi akaba yakina umupira w’amaguru ku ruhande rw’inyuma bita Axe .

Uyo muhisi akaba yariyavutse mu 1989 ,asezera isi muri Nzero umwaka  2020 ahitanywe n’ingwara y’igisukari nkuko twabibwiye n’umunywanyi w’ikinyamakuru Indundi bakinanye i Ngozi muri Ngozi City .

Indundi ikaba yarashimye igikorwa abo bakinyi bo mu gisagara ca Ngozi biyumviriye .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 684