Entertainmententertainment Promotedhomepagekirundimusic

Ng’uyu uwundi muhungu umuryango wa Bantu Bwoy waraye wungutse

Inyuma y’imyaka ibiri atanguye akazi ko kuririmba, ashobora kuba agiye kwinjira muri Label ikomeye cane ya Bantu Bwoy umuririmvyi Drama T.

Drama T akaba agiye kuba mu muryango wagutse usazwe urimwo abaririmvyi nka Double Jay, Kirikou A Kili na Ell’ys Boys naho kumbande zose batarabishira ku mugaragaro ariko amakuru yo kwizera nuko umuririmvyi Drama T asa n’uwamaze kwinjira muri uwo muryango wa Bantu Bwoy usanzwe urongowe na Big Fizzo.

Akaba yaramaze gukora indirimbo zishika kuri zine indirimbo zagiye zakirwa n’abakunzi b’umuziki bamutera intege ko ashoboye kandi azoshika kure arinavyo bishobora kuba vyaramuhaye amahirwe yokuja muriyo Label ariko naho batarabishira kumugaragaro abo muri Bantu Bwoy umuririmvyi Drama T wewe yaramaze kubivuga ko ubu asanzwe ari muruwo muryango wagutse wa Bantu Bwoys. 

Mwomenya ko agiye muriyo Label inyuma y’ugutangura afashwa n’imwe munzu y’ubuhinyanyuzi MA irongowe na Amir pro ari nayo yarimufashe mu mugongo igihe yaragitangura akanzi munyuma aza gufatana n’iyindi nzu y’ubuhinyanyuzi bw’amasana Grands Pictures ariyo yamufasha cane kuvy’amasanamu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769