Diasporakirundi

Ni ibiki bitorohereza abaririmvyi iyo bari mu mahanga?

Abaririmvyi batari bake iyo bagiye mu mahanga uca umengo ibikorwa vyabo vyazimye.

Saidi Patrick azwi kw’izina rya Kay kay 4 Show abarizwa muri Canada yayaze na indundi magazine araca hirya no hino intambamyi bahura nazo, akaba yavuze ko ica mbere ari Beat zabo usanga atari iza Afrika, ngo kuri we ntibimworohera, ikindi kitaborohereza ni ikijanye nuko mu mahanga boba bariha kw’isaha mu gihe muri afrika uriha ibikorwa vyose .

Uwo muririmvyi twaramubajije ukugene bakorana n’abahinyanyuzi batari hafi na hafi akaba yatumenyesheje ko hamwe vyoroshe ahandi bigoye ngo kubera ko mukoranye ari kure mwungurana ubwenge, ukamurungikira amajwi ariko ngo ikibi cavyo nuko wa muhinyanyuzi ashobora kukubwira ko ya majwi yawe yatakaye.

Kaykay4 mu kurangiza ikiyago yaduhaye yavuze ko ashaka gukora album ariko atarayitorera izina ariko ngo azoyikorana n’aba producer bava mu bihugu bitandukanye nka (Burundi,Tanzania, Australia).

What's your reaction?

Related Posts

1 of 471