Burundigroups-at-messagehomepagekirundikirundi_SportsSport

N’iki abakunda inkino bokwibukira kuri Nyakwigendera Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza.

Inkino ni kimwe mu bisata bihuza abantu mu gihugu,Kuva muri 2005 , Nyakwigendera Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu c’Uburundi Nkurunziza Pierre yarongoye igihugu gushika kw’igenekerezo rya 8 Ruheshi yitavye Imana.Leta y’Uburundi yari rongowe na Nyakwigendera  Petero NKURUNZIZA yakoze vyinshi cane mu guteza imbere inkino nko kurwiza ibibuga vya kijambere mu gihugu cose , gutanga uburyo no gushigikira imirwi nserukira gihugu itandukanye ivyatumye abana b’Uburundi batahana imidali n’ibibanza vya mbere tutibagiye ko igihugu cacu cakiriye inkino za CECAFA incuro zitatu mu mupira w’amaguru kiranategura amahiganwa mpuzamakungu mu karere ka Afrika na cane cane zone 5 mu nkino nka Basketball , Karaté,Judo n’izindi.Umukuru w’igihugu akaba yaritanze cane kubera ko inkino yazikina akaba yaranazize mumashure yiwe yongera arazigisha muri kaminuza y’Uburundi.

Nyakwigendera Umukuru w’igihugu cacu yarakiriye ku kirimba iwe akatari gake abanonotsi batandukanye baba batahukanye imidali n’ibibanza vyiza , ivyo bikaba biri muvyatera intege cane abakinyi n’abarongoye imirwi n’amashirahamwe y’inkino kuko yabitaho.

Akarorero ni mu mwaka wa 2014 igihe Urunani umugwi wa basketball club wari wasivye mu mahiganwa y’akarere ka gatanu kubera ikibazo c’uburyo ,Nyakwigendera Nyenicubahiro Petero Nkurunziza akaba yaciye aha uburyo bwafashije uwo murwi kwitaba ayo mahiganwa utako utahana igikombe muri iryo higanwa ryabereye i Mombassa muri Kenya.
Ikindi twokwibuka ni mu gihe abakinyi ba boxe bagiriye ikibazo muri Gabon babura uburyo baca bafungirwa mw’ihoteri. Leta yaciye ikubita inzu ibipfunsi irarihira uwo murwi nserukiragihugu ucuratahuka.
Ntitwokwibagira ko amashirahamwe y’umupira w’amaguru Football hamwe n’inkino z’amaboko Basketball na volley ball bamwitiriye ihiganwa ryama riba uko umwaka utashe .
Kubera gushigikira cane inkino , ku ntwaro yiwe , ku ncuro ya mbere igihugu cacu carakinye igikombe ca Afrika 2019 .

Ni vyinshi twomuvugako ariko ntitwobiheza gusa twobibutsa ko ku wa gatandatu igenekerezo rya 6 Ruheshi 2020 hasigaye gusa amasaha mirongo ine n’umunani ngo yitabe imana azize ihagara ry’umutima bita mu kinyamazuru “arrêt cardiaque” , Nyakwigendera Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yakurikiranye ihiganwa ry’igikombe camwitiriwe muri Volley kuri Stade Urukundo imbere yuko ajanwa mu bitaro vyitiriwe Yubile y’ imyaka 50 twikukiye vyo mu ntara ya Karusi .

Abakinyi batandukanye b’intamba mu rugamba nka Saido Berahino , Saido Ntibazonkiza , Yamin Selemani , Arakaza mc Arthur , Enock Sabukama na wa munonotsi Francine Niyonsaba nibamwe mu bahojeje umuryango wabuze n’abarundi muri rusangi.

Abarongoye imirwi nka Aigle noir ,Kayanza United ,New oil fc hamwe n’iyindi mirwi nabo barahojeje umuryango wabuze.

Nyakwigendera  Petero Nkurunziza yavutse mu mwaka wa 1963 akaba yabaye umushikiranganji mu biro vy’umukuru ajejwe intwaro ibereye imbere yuko atorwa muri 2005 ngo arongore igihugu gushika kw’igenekerezo rya 8 Ruheshi 2020 yitavye Imana . Niwe yatanguje umurwi wa académie le messager mu mwaka wa 2004 mu gisagara ca Bujumbura acayikwiragiza mu ntara ya Rumonge ,I gitega hamwe n’i Makamba muri komine Nyanza lac.Ikinyamakuru Indundi kirahojeje abarundi bose muri rusangi hamwe n’umuryango wiwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 889