BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicUncategorized

Nish yanditse “kavorivori” kuva ku mbanyi ya 1 gushika kuya 2

Esther Nish ngo indirimbo “Kavorivori” yamutwaye umwanya munini kugira abashe kuyandika yongere anayikore, ubona ko yari no mu bihe bitamworoheye.

Mu kiyago aheruka kugirana na Indundi Tv, uwo muvyeyi w’abana babiri yavuze ko iyo ndirimbo yatanguye kwiyumvira kuyandika acibungenga umwana wiwe wa 1, uno musi akaba afise imyaka 3. Ariko kubera intege nke ntivyaba bigikunda ko abasha kuronka uburyo bwo kuyirangiza.

” Iyo ndirimbo natanguye kuyiyumvira kuyandika kuva ku mbanyi yanje ya mbere, niho natanguye kwiyumvira ijambo kavorivori. Ntangura kwiyumvira nokwandika ayahe amajambo, muga ico gihe sinari mfise moyen, novuga ko hari mu bihe vyanje vy’ intege nke. Iyi mbanyi yanje ya kabiri nayitwaye ata ntege nke mfise. Nca ndayibike, sinovuga ko naciye ndayiririmba, muga naranditse nk’igitero kimwe.”

Nkuko yabandanije abiyagira umunyamakuru wa Indundi Tv, Alan The real, ngo amaze kwibungenga imbanyi ya 2 niho yaciye aronka akanya keza ko kwandika, aniha n’intego yo kuyirangiza.

“Maze kwibungenga iyi mbanyi yanje ya 2, iciyumviro rero gica kiraza, nti ubwo sinobandanya ya ndirimbo, kubera narayikoze inyuma yo kuvyara, muga ica igenda nabi, nca ndanayiheberayo. Iyi rero ya 2 iciyumviro gica kizanana inguvu nyinshi,nti ntegerezwa kuyiheza.”

Nayo ku gihe vyamufashe kuyandika ngo ayirangize, ibone kuja ahabona, uwo muvyeyi yavuze ko indirimbo yasubiye kuyandika inda ifise amezi 3, iza gutangura gukorerwa amasanamu umwana asigaje imisi 14 ngo abone izuba.

“Umwana wa mbere afise imyaka 3, urumva imyaka nari ndayibitse, itarahera ikiri igitero ca mbere. Aho hose naja muri Studio nibaza nti mbega basha igitero ca kabiri nzogikora ryari? Gushika yaho ndabirekeye nti reka mfate umwanya ukwiye. Ndasubira mfata ikintu c’amezi 5 ndiko ndamarira, niyumvira ukuntu mpeza amajambo yose. Nagiye gusubira kwiyumvira kuyandika imbanyi yanje ifise amezi 3.”

Nayo ku kibazo c’amajambo aboneka muri iyo ndirimbo, uwo muririmvyikazi yavuze ko amajambo yagenda ayafatira umwanya ayakura muyo aba yarumvise muri kahise aho umuvyeyi yaba yabajanye iyo bakomoka.
Mwomenya ko Esther Nish ari mu baririmvyikazi ndundi bafise ibikorwa bitari bike bamaze gushira ahabona, kandi basanzwe banaririmba mu mudiho kavukire, naho ageraho akajanisha n’izigezweho.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 799