Burundigroups-at-messagekirundikirundi_SportsSport

Nkengurutse Brax yabaye MVP

Kuri uyu w’imana niho harangira ihiganwa bise tournoi de l’espérance rikaba ryatahakanywe na Intwari mu bagabo na Sisters mu bakenyezi .

Iryo higanwa rikaba ryatunganijwe mu ntumbero yo gupima ubuhinga abakinyi bafise inyuma yaho muri association bahagarikiye gukina kubera ikiza cateye isi COVID-19 nkuko vyashikirijwe na NKURUNZIZA Eric batazira Amateur ajejwe ubuhinga no gutanga amakuru muri iryo shirahamwe rya Handball i Bujumbura.

Mu rukino rwa nyuma , Sisters yantsinze impaga Rumuri kubera ko mu bakinyi 16 Rumuri yashatse gukinisha muribo ishirahamwe ryemeje icenda bica bituma Rumuri itemera kwinjira mu kibuga kubera ko yavuga kurwo rutonde rutatanzwe nabo.

Mu rukino rwari rurindiranywe igishika n’isinzi ry’abantu umurwi wa SOS watanye mu mitwe na Intwari mu rukino rutari rworoshe kubera ko iyo mirwi yiyubatse izana abakinyi .
Intwari yazanye Nkengurutse Brax na Alex bahoze muri Muzinga hamwe na Fabrice yahora muri Rumuri .

SOS nayo izana Dan ,Arnaud Arakaza batazira Gitumo na Zarbabert bahora muri Muzinga.

Igice ca mbere carangiye SOS ifise 19 kuri 15 ya Intwari.

Bavuye mu karuhuko Intwari zaradugije amanota zica zitsinda SOS bigoranye 37 kuri 36.

Diane Birenguhore wa Sisters niwe yatowe nk’uwarushije abandi mu bakenyezi mu gihe Nkengurutse Brax yatowe nk’uwarushije abandi mu bagabo.

Tubibutse ko imirwi yatwaye igikombe citiriwe Espérance ariyo yari yatwaye ihiganwa ry’i Bujumbura akaba ari Intwari na Sister’s.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 684