BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicPassport

None umubeshi ninde hagati ya Paulin, Sat-b na Wanda Boy?

Umubeshi yoba arinde hagati ya Sat-b, Wanda Boy na Dj Paulin? Ico n’ikibazo umuntu yokwibaza yumvirije ivyo Dj Paulin yavuze mu kiri kimwe mu biganiro bivuga ivy’umuziki I Bujumbura.

Mu gihe Wanda abandanya avuga ko amafaranga yatanzwe ngo hakorwe indirimbo sat-b yakoranye na Meddy ari ayiwe, ubu naho hajemwo uwundi avuga ko amaze gutanga ayarenga 10,8000,000 fbu -4000$-. Uwo nawe s’uyundi ni DJ Paulin, yajanye na Sat-b muri Tanzania aho bari bagiye kuvugana na Meddy kugira bakorane indirimbo.

Iyo ndirimbo Paulin akavuga izomushikira  mu ndwi iza aho umuhinyanyuzi YOGO Beat azoba avuye muri Tanzania. Uyo Yogo nawe bikavurwa ko ariwe akorana hagufi n’uwahoze ari Manager wa Sat-b anavuga ko indirimbo yayirihiye amahera Atari make.

Ivyo Paulin  akaba abishikirije mu gihe Sat-b avuga ko iyo ndirimbo yashaka kuyiherahereza I Kigali muri imwe mu nzu z’ubuhinyanyuzi kandi bakanayikorera amasanamu aho nyene, ivyo akaba aheruka kubiyagira ikinyamakuru Nyarwanda.

Ubu bikibazwa umubeshi uwariwe hagati y’abo bagabo uko ari 3, canke abanyakuri ari bande? Ariko ikimaze kumenyekana co nuko Paulin avuga ko nka hamwe yoramuka isohotse atagishijwe inama ngo azoca yitwarira uwo yahaye akazi ko gukora iyo ndirimbo.

Naho Biruko Paulin we arahesha akavuga ko mu gihe bokenera kuyiyitirira ata kibazo vyomutera, we ngo asaba ko yoca asubizwa uburyo amaze gutanga, burimwo amafaranga yahawe Meddy, uburyo yakoresheje mukubeshaho Sat-b muri Tanzania co kimwe n’uburyo bwakoreshejwe mu gufata indege baja muri Tanzania.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775