BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Nsavye abona ko gufatanya imyuga ku babishaka ata kibazo kirimwo

Christian Nsavye abona ko abantu badakwiye kugira impari ku bafadikanya imyuga itandukanye irimwo uburirimvyi, ukumemyeshamakuru n’ibindi, naho muri kamere ya benshi batazi kwakira impinduka.

Christian Nsavye umuhungu wa Nsavye mwene Nsavye ngo abantu bose barazi kuririmba, ariko ngo hari abaca bahitamwo kubigira umwuga. Ivyo akaba aheruka kuvuga mu kiganiro Benews.

Muri ico kiganiro Nsavye yabandanije avuga ko umumenyeshamakuru ashatse kuririmba, canke umuririmvyi abaye umumenyeshamakuru ngo n’uburenganzira bwiwe.

Nsavye akaba yabishikirije ngo kubera abatari bake bari bagize igihe bari mu mpari, kubera bamwe na bamwe bamaze gufadikanya imyuga bari basanzwe bakora. Bamwe mu bihangange barimwo n’abaririmvyi nka Big Fizzo bakaba barabitwenzwe, aho yanakoze video abivugako.

Nsavye akaba yanibukije ko muri kamere y’abarundi batazi kwakira neza impinduka. Mu gihe ari ibisanzwe iyo ubikoze ukabikora neza.

Aho mukibuka ko dufise abaririmvyi babaye abamenyeshamakuru co kimwe n’abamenyeshamakuru bakomeye bakoze umuziki, aho ni nka Nsavye, Nimubona Excellent, eka n’abandi bakomakomeye nka Ngabo Leonce asanzwe ari umuririmvyi akaba umwanditsi n’umuhinyanyuzi w’amareresi.

Umuririmvyikazi wa kera w’umurundi Kadjanin we akaba aheruka kuba uwutanga amanota muri imwe mu mahiganwa akomeye y’amareresi kandi asanzwe ari umuririmvyikazi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775