BurundiAkes DonClementine KavyEntertainmenthomepageIsanganiro AwardskirundimusicPassport

Nsavye ati n’abandi nibahamvye Cedric bangy

nsavye na spok’s yatwaye iryo higanwa ku ncuro yaryo ya 5

Nsavye ati n’abandi nibafate inzira nkiya Cedric bangy mu kugira ico babikira umwe mu bazoshika mu gice ca nyuma c’ihiganwa Isanganiro Awards.

Mu gihe ari mu bahora bavuga cane ko amahiganwa atandukanye akwiye gukuraho ingeso y’ugukoresha amahiganwa ngo ntihagire ico baha abatsinze, cedric bangy yatanze akarorero yemera kuzoha agashimwe uwuzofata ikibanza ca 2 muri Isanganiro Awards.

Uwo muririmvyi wa kera, akaba yemeye kuzoha uwuzofata ikibanza ca 2 amafaranga 200,000 vy’amarundi. Aho ni mu gihe iryo shirahamwe ryahora rigira ico ritanze, ariko bamwe bakavuga ko ako kabahasha bahora bahabwa ari intica ntikize.

Nsavye Christian mu kiganiro aheruka gutanga ku mboneshakure BETV akaba yahamagariye n’abandi gukora nkawe hama bakagira ico bategurira umwe mu baziba bari muri iryo higanwa. Muri ico kiganiro nyene uwo mumenyeshamakuru wa Isanganiro Awards akoresha ibiganiro vy’umuziki biri mu vya mbere bikunzwe aha iwacu, yavuze ko hari irindi shirahamwe ryemeye gushigikira iryo higanwa mu kuzogira ico bahaye umwe mu bazoba bari muri 10 ba mbere bazoba bari muri iryo higanwa.

Mwokwibuka ko Isanganiro Awards ariyo higanwa dusigaranye ngaha iwacu, ayahandi nka Top ten Music Awards ryategurwa na Bonesha Fm n’ayandi atagikorwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775