BurundiChelseafeatured sporthomepagekirundikirundi_SportsYvan muziki

Nshimirimana David ntakibarizwa mu Rwanda

Umukunyi w’inyuma w’intamba mu rugamba ndetse n’umugwi Mukura Victory Sport Nshimirimana David ntakibarizwa mu Rwanda .

Kuri uyu wa Kane igenekerezo rya 28 Ruhuhuma umwaka wa 2019 niho haguma hakwiragizwa amakuru avuga ko yoba yerekeje mu gihugu ca Zambia kuvugana n’umugwi Lusaka Dynamos usanzwe ukinamwo umunyegori Arakaza Mac Arthur .

Indundi Sports yashoboye kuvugana na Arthur imubaza kuvyerekeye ayo makuru , arakaza Mac Arthur akaba yabeshuje ayo makuru akavuga ko atarigera abona David Nshimirama muri uwo mugwi kiretse Lo yoba yaje kuvugana n’uwundi mugwi.
Artur agira ati:

” Sindigera mbona David nshimirimana kiretse Ko yoba yaje kuganira n’uwundi mugwi, ariko sinibaza ko yoza kuyaga na Lusaka Dynamos nsanzwe nkinamwa hama ntambwire”.

Arakaza Marc arthur akaba yemeza ko Nshimirama David ari mu gisagara ca Zambia ariko akavuga ko umugwi uwo mukinyi w’intamba yaje kuguranira ibiganiro atawe azi.

Mukamenya ko David Nshimirama ari umwe mu bakinyi b’inyuma b’umugwi Mukura Victory Sports yagendako ,mbere akaba yatowe nk’umukinyi mwiza wa Mukura Victory Sports yaranze ukwezi kwa Kigarama .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 878