BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

NT Kadhafi ngo Preeze na 19th ntibarimwo

Indirimbo 36 nizo zigiye gusohorwa n’umugwi Overdo team, umugwi usanzwe ukora umudiho wa Hip Hop.

Abo basore bakaba ngo bazosohora izo ndirimbo nk’urukurikirane.

Izo ndirimbo zose nk’uko umwe mubagize uwo mugwi yabishikirije ngo zakozwe mu kiringo c’umwaka umwe gusa.

Izo ndirimbo zose ngo ntizirakorerwa amasanamu, ariko bakaba bafise izishika kuri 5 zimaze gukorerwa amasanamu.

NT Kadhafi mu kiganiro na Akeza, yavuze ko bafisemwo ama Collabo atari make, ariko ko bashize imbere abaririmvyi bakora uwo mudiho bacaruka.

Bamubajije impamvu nka Preeze canke 19th batarimwo, NT avuga ko bashimye gushira imbere urunganwe rushasha kugira nabo babashe kumenyekanira kuribo.

NT akaba anashimangira ko ubu bahagaze neza muri Hip Hop ugereranije n’iyindi migwi. NT akaba yatanze akarorero k’urubuga rwabo rwa YouTube aho indirimbo zimaze kujako uno mwaka ngo atawurabasha gukora 1/2 cazo.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775