BurundiÉnergieEntertainmentgroups-membership-request-accepted-by-adminhomepagekirundimusic

Nziza Desire yakundanye n’abakobwa benshi ariko ngo yabanye anavyarana na Natacha gusa

Mu gihe hari abavuga ko Nziza Desire yarongoye ateba, yabeshuje ayo makuru avuga ko we akiri muto, kuko atangana n’abaheruka kurongora bafise imyaka 60 irenga.

“Bo ngirango ntibararongora, bagize ishari. Je ndacari muto mfise imyaka 42, ejo bundi ntiwabonye uwarongoye afise 60 irenga.”

Muri ico kiganiro yagiranye na mugenzi wacu Hosy irakoze akorera imboneshakure Siren Vibe, yavuze ko ku myaka 25 yarafise umugore n’umwana mu nzu naho batari bwandikwe.

“25 nari mfise umwana, kandi yari umugore (Natacha) mu nzu, nuko gusa tutari bwandikwe.”

Inyuma y’uwo mukunzi wiwe wa kera wa Nziza, uwo muririmvyi ngo yahavuye aronka abandi barimwo umu Kenya,umuzungu co kimwe n’umunya Vietnam yaronkeye muri Amerika. S’uwo gusa kuko no mu buirigi ngo yararonse uwo bari bemeranije kubana, ariko ntivyaba bigikunda kuko batahurije ku kibanza bobamwo.

Uwo muririmvyi yavuze ko imvo n’imvano yo kuvana n’abo bakobwa bo muri amerika, ngo nuko yasanze badashoborana, kuko baba bashaka kuba hejuru yiwe.

“Bose kurekana nababwiye ko tudashoboranye, ntushobora kuba commanda nanje mbe Caporal, ntibibaho. Hariya rero abakobwa nkamwe muri aba commandant, abahungu hariya tubaka aba caporal. ”

Mwomenya ko Nziza yavuze ko yahebanye n’uwo mukobwa bagendana yari mu bubirigi yamaze gutangura kuganira n’umuvyeyi baheruka kurushingana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 776