BurundiÉnergieEntertainmentgroups-membership-request-accepted-by-adminhomepagekirundimusic

Nziza Desire yavuze ku mukagato w’amafaranga yakoresheje ku bugeni bwiwe

Ubugeni bwa Nziza Desire buheruka gukorerwa hano iwacu ngo bwamutwaye amafaranga Atari make. Uwo muririmvyi akaba n’umwanditsi wa “Rukundo Virus”, yatanze impamvu bwakozwe n’igifovya c’amafaranga kuri Micro ya Sabin.

Muvyatumye hasohoka amafaranga atari make muri ubwo bugeni, uwo muririmvyi yamenyesheje ko harimwo kuba hakozwe imanza zitari nke. Murizo akaba yavuze nk’ugukwa, ukuja mu musigiti “Indoa”, kuja kwandikwa, ubugeni nyezina hamwe n’ugutwikurura.

Ivyo akaba avuga ko vyatwaye amafaranga Atari musi y’imiliyoni 80,000,000 z’amafaranga ya hano iwacu. Igituma ngo nuko buri rubanza rwaba ngo vyasaba ko baja kwivuna umusase “Récéption”, agafaranga kakaba karasohotse.

Uwo muririmvyi mu kiganiro yahaye Isimbi Tv, yavuze ko mu mafaranga yakoresheje yose, 80% niyo yari rwiwe, ariko ayasigaye yari intererano yahawe n’incuti n’abagenzi bari muri amerika, i burayi, mu Burundi hamwe no mu Rwanda.

Mu kurangiza ico kiganiro yamenyesheje ko afise igiteramo ku bunane muri amerika, arico gituma azofata indege igenekerezo rya 30/12.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 776