BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Olegue ngo bamuhoye ubusa

 

Abarundi barayamaze ngo uwushaka kukurya ntabura imboga agukoza, Olegue mu kiyago aheruka gutanga kuri imwe mu mboneshakure za hano iwacu, yerekanye ko abagize ico bavuga ku ndirimbo yiwe Korayo, ko bamuhoye ubusa. Ivyo akabivuga yisunze ko hari indirimbo z’abanyamahanga zikuzwe cane kandi zirimwo amajambo Atari meza gusumba ivyo bamwagiriza.

“None irya ndirimbo ibintu bibi birimwo n’ivyahe? Ndaba imiziki yo ngaha mu micungararo y’aha iwacu, nca nkenera kubabaza nti mwe mwurumva ikinyarwanda canke igifaransa canke igiswahiri? Ugasanga indirimbo zirimwo izo ndimi, ino ziraba hit gusumba ziwacu abarundi, ugasanga zirimwo ibintu bibi gusumba jewe ivyo banyagiriza. Ugasanga bo baguma batera amashurwe umunyamahanga, ariko iyiwanje igakundwa na babandi -abanyamahanga-.”

Muri ico kiganiro Olegue avuga kandi ko ata mugambi afise wo gucafuza igihugu canke ngo atiture akaranga k’igihugu, ari naco gituma yaciye aboneraho akanya ko gusaba ko leta yomufasha imukurako abo bantu.

Olegue kandi ntiyaretse kuvuga ko indirimbo ziwe naho batazemera ngo uburuhukiro baratinda bakazikunda, aho agatanga akarorero k’indirimbo Delegue General ko ngo yo ubwayo yahavuye ikunda kandi yari yatanguye yankwa cane gusumba. Ico asigura avuga ngo nuko ziba zirimwo ubutumwa bwinyegeje, bisaba kubanza kwumviriza akatari gake.

Mukibuka ko iyo ndirimbo Korayo itavuzweko rumwe, aho bamwe babona ko itari ikwiye kuryohererwa kuko imenyekanisha urudandazwa rw’abantu rusanzwe rutemewe mu gihugu cacu, ariko abandi bo bakaba babona ko ari ibisanzwe kuko n’iz’abanyamahanga ngo ziravuzwa ukuri kwamye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775