BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Olegue ngo nibamushigikire nkuko babikora ku banyamahanga

 

Abantu ngo nibareke gufatira mu rwara Olegue, ahubwo bamushigikire. Ivyo n’ibiheruka gushikiriza n’umwe mu banyamideri b’abarundi bakomeye basanzwe bakorera mu gihugu c’Urwanda.

Ku rubuga rwiwe rwa Instagram, Sarah Nynthia Nshimirimana, yabajijwe nimba Olegue ariwe muririmvyi w’umurundi akunda cane w’umurundi, noneho abishura ko ariwe yemera cane kuko yama akora Indirimbo zikundwa cane.

Yagize ati : ” sintahura impamvu abarundi bama bashaka kumushira hasi Kandi avuga ibintu biba, ariko mu gihe co kuririmba saamoya, WAP, ikinyafu tuba aba mbere kuzitamba muri Toxic…. Olegue afise ingabire mwari mukwiye kumushigikira nkuko mushigikira abanyamahanga.”

Uyu mwigeme w’imyaka 22 y’amavuko, asanzwe anafise N’ikigo kiraba aba Mannequin I Kigali, akaba yavuze ko Ari umufana akomeye wa Olegue.

Ayo majambo akomeye akaba yiyongereye ku vyaheruka gushikirizwa n’abatari bake barimwo N’abamenyeshamakuru aho bidoga uburyo abantu badashigikira Olegue ariko bakabandanya bashigikira aba Tanzania n’abanya Rwanda Kandi Indirimbo zabo zirimwo amajambo Atari meza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775