BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Paci nzi ngo amase ya kera ntagihoma urutaro

Ukuvuza indirimbo zose nkuko vyamye hano iwacu, ntigihurizwako na bose mu bakurikiranira hafi ivy’umuziki wa hano iwacu.

Dj Paulin yaheruka gushikiriza ko yakuze yumva hano iwacu tuvuza Indirimbo za hose, ngo uno musi s’ico kigiye guhinduka. Uwo mugwizatunga akaba n’umu dj, avuga ko we mu butambiro atazosaba aba Dj guhagarika kuvuza Indirimbo z’abanyamahanga.

Ubwo butumwa bukaba budahurizwako na Pacifique Nzitonda, asanzwe nawe akorera muri ico gisata c’umuziki, aho ari umuririmvyi akaba Kandi n’umwe mu batunganya amasanamu yaba ay’indirimbo co kimwe n’ayo mu mareresi.

Pacifique avuga ko naho twakuze twumva havuzwa imiziki y’ahantu hose, ngo harageze ko izo ndirimbo za hose zigabanuka hakaduzwa indirimbo za hano iwacu.

Pacifique akaba mu butumwa yanditse ku rubuga rwiwe rwa Facebook yibukije Paulin ko ibisagara bitandukanye akunda kujamwo, yumva gake umuziki wa hano iwacu, ngo ntibishoboka ko twokwama tuvuza izo ndirimbo zabo natwe izacu zitavuga.

Pacifique we akabona ko ibintu bikwiye guhinduka, aho umuziki uvuzwa ari kavukire gusumba uwo hakurya y’amazi.

Mwomenya ko ico kibazo c’indirimbo zikwiye kuvuzwa hano iwacu kimaze gusesa irangi ritari rike, aho abantu benshi batabona kumwe ibijanye n’umuzo w’abanyamahanga gukora ibiteramo hano iwacu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775