featured sportArsenalChelseahomepageInkinokirundikirundi_SportsYvan muziki

Papy Faty yagize ico yashikirije kuvyerekeye ingwara yiwe

Umukinyi wo hagati w’intamba mu rugamba Papy Faty amagara yiwe yoba yifashe neza muri kino gihe.

Inyuma y’imyaka itatu adahonyoza ikirenge mu mugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba Ku bw’ingwara y’umutima , papy faty yagize ico ashikirije kuvyereye iyo ngwara yari amaranye ikiringo c’imyaka itatu .

Mu kiganiro yahaye indundi Sports abicishije kuri Manager w’intamba mu rugamba Mutima Constatin, Papy Faty yamenyesheje muri kino gihe ameze neza kandi yifpuza guhindura akahise k’uburundi mu mupira w’amaguru.

papay ati” abantu bari bazi ko nkirwaye sivyo, muri kino gihe meze neza cane abatevyemera bazobibona mu rukino rwo kuwa 23 Ntwarante”

Abajijwe impamvu yatumye umugwi Real Kings wo muri Africa y’epfo yari asanzwe akinamwo utamwongereje amasezerano Uyo mukinyi yishiye ati” Real Kings bari bashaka ko bambaga umutima hama bace bashira ikintu mu mutima ndanka kuberako nzi y’uko namaze gukira”

Abajijwe ikintu yokorera Intamba iyo umumenyereza Mukuru aramutse amuhaye icizere co gutangura mu rukino rwa Gabon akaba yishiye ati” ninaronka ikibaza co gukina mu rukino rwa Gabon nshaka nzohindure akahise k’umupira w’amaguru mu Burundi”

uyo mukinyi akaba amaze gushira umukono Ku masezerano y’amezi Atandatu yo gukinira Malati Chiefs usanzwe ukina mu cicaro ca mbere muri Swaziland.

Mukamenya y’uko mu nkino Zitandatu amaze gukinira Umugwi Malanti Chief amaze kuwutsindira ibitsindo bitatu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 872