BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Pastor Denise Bucumi Nkurunziza ico yashikirije kw’isabukuru y’amavuko yiwe

Pasitori Denise Bucumi Nkurunziza benshi mukunze kwita Mama Buntu, ariko cane yamenyekanye kubera ikibanza c’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu yamazemwo imyaka 15, uno musi igenekerezo rya 1/12 yakwije imyaka 59 y’amavuko.

Mu kuryohererwa uwo musi, uwo muvyeyi akundwa n’abatari bake mu barundi, akaba yanditse ashimira Imana akoresheje urubuga rwiwe rwa Twitter. Kuri urwo rubuga rukurikiranwa n’abarenga 47,000, akaba yanditse mu rurimi rw’ifaransa aho yagize ati : ” Uno musi aho kubwawe mpimbaza uwundi mwaka mu buzima bwanje, nkubise inkoro hasi ndagushimira kandi nguhezagira mwami. Mu bihe vyo kwigunga, vy’umubabaro n’ugukekeranya, uba uhari. Mu bihe vy’umururazi, vy’ugushidikanya no mu bihe vy’umunezero, uba uri hampande yanje. Alleluia. “

Kuri urwo rubuga rwa Twitter, abatari bake bakaba baciye baronkeraho akaryo ko kumwipfuriza isabukuru nziza. Abariko barababa 100 akaba aribo bari bamaze kugira ico bamwandikira, nayo abarenga 500 bakaba bakunze iyo Post, eka abarenga 60 bayisangiza abandi kuri urwo rubuga.

Uwo muvyeyi mu mwaka uheze, akaba ku musi nk’uyu yarabonetse agiriwe Surprise n’abatari bake barimwo abagenzi, abaryango co kimwe n’abakunzi biwe aho vyabonetse ku ma Video yakwiragijwe hirya no hino ko akamwemwe kari kose.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775