Burundicultureculture_featureculture_promoteDiasporagroups-member-promotedhomepagekirundi

Patrice Ntafatiro ngo nta mwigisha yovuga ko yamuhaye ubumenyi afise mu Kirundi

Umurundi abarizwa ku mugabane wa Amerika neza neza muri amerika y’uburaruko, muri Canada, Patrice Ntafatiro yabwiye mugenziwacu iyo akura ubumenyi ahakurira ku bandi biciye mu biganiro bitandukanye akunze gutanga aha abarundi hirya no hino kw’isi.

Mu kiyago bagiranye n’imwe mu mboneshakure za hano iwacu zikorera ku mbuga ngurukanabumenyi, yamenyesheje ko abarizwa muri Canada kuva mu mwaka wa 2001 aho yari yajanywe n’ukwiga igifaransa, anaharonkera urupapuro rw’umutsindo rwa Maitrise.

Uwo mugabo asanzwe ari umutimbo, umwuga amazemwo imyaka 50 muri 53 afise y’amavuko. Uwo munyamwuga w’ukuri avuga ko ari mu bavugije umurisho w’ingoma mu kigabiro mu giheta i Gitega.

Ntafatiro asanzwe yikorwako cane mu biganiro bitandukanye iyo habaye impari iyi canke iriya mu Kirundi, ngo ubumenyi afise nta mwigisha yovuga ko yabumuhaye kuko abamwigishije ico Kirundi bose yababona nk’abacangero, kikaba kimwe muvyamuteye kuguma aja kurondera kumenya vyinshi gusumba.

Mu kiyago yagiranye na Isaac yavuze ko yabuze umuvyeyi wiwe akiri muto, ariko ngo yahavuye agabana abandi bavyeyi kuko uwo yabona wese w’umukurambere canke amurusha imyaka ngo ntiyamutambukana kabiri atabanje kumubaza ivy’ikirundi.

“Mu majambo makeya nokubwira ko ubumenyi bw’ikirundi mfise ari ubw’abantu benshi nagiye ndacako, jewe nokwiyita ko ndi nk’aka Bibliotheque, nukuvuga ahantu hari ihuriro ry’ubumenyi butari buke, nagiye ndakura ku bantu benshi kuko naguma nkeneye kubona Dawe, hanyuma umuntu wese w’umugabo n’umuntu wese ansumba nkabwirizwa kumubaza ivy’ikirundi”.

Muri ico kiganiro yavugiyemwo iyo nkomoko y’ubumenyi afise, ni naho yatangiye umuco w’ivyo yaheruka gushikiriza kuri Sat-b n’indirimbo yiwe Izina, aho bamwe batemeye ivyo uwo muririmvyi yashikirije ku Mwami Mwezi gisabo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 770