featured sportArsenalChelseahomepageInkinokirundikirundi_SportsYvan muziki

Pierrot Kwizera yafashije Al aroubah kunyagira Nassir Club

Umukinyi wo hagati w’intamba mu rugamba Kwizera Pierrot abandanya yitwara neza mu gihugu ca Oman.

Hari kuri uyu wa mbere waraye uheze igenekerezo rya 25 Ruhuhuma umwaka wa 2019 , aho umugwi All aroubah ukinamwo umukinyi wo hagati w’intamba mu rugamba Kwizera Pierrot wari wakiriye Nassir Club mu rukino rw’indwi ya 16 y’ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere muri Oman. urwo rukino rukaba rwararangiye Al aroubah inyagiye Nassir Club ibitsindo 6 kuri 1.

Kwizera pierrot akaba yarafashije Al oraubah gutsinda Nassir club kuko yinjije igitsindo kimwe muri bitandatu Al oroubah yatsinze Nassir Club. Aganira na indundi Sports Pierrot yavuze ko anezerewe cane kubona yatsinze igitsindo mugihe yari amaze igihe adatsinda. Muri aya majambo agira ati: “ Ndanezerewe cane kubona natsinze igitsindo maze imisi ntatsinda ariko Imana yafashije turatsinda”. Abajijwe uko abona ihiganwa ryo muri Oman rimeze, narirya bakunze kuvuga ko atari ihiganwa ridakomeye cane Pierrot yishuye ati” Ihiganwa ry’ino ubu risigaye rikomeye kuvaho bongereje abanyamahanga bagera kuri batanu kuri buri mugwi ubu ntivyoroshe”.

Abajijwe Ku makuru ahora avugwa ko yoba abesha adakina hariya muri Oman? Pierrot akaba yishuye ati ” Babe barondera inkuru bafitiye ivyemezo vyoba vyiza gusumba, naho vyoba arivyo sinoreka kwemera ko ntakina kuko jewe sinzakuba ndi uwambere adakina, ni bintu bishika kuri buri mukinyi hari ibihe bigoye ni bihe vy’umunezero mu mupira w’amaguru.” Abajijwe ikibazo cuko abona urukino rw’intamba na Gabon akaba yasavye abarundi bose guhagurikira rimwe bakaza kubashigikira .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 872