BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Platformshow Music Awards niryo rigezweho muri Tanzania

Mu gihe hano iwacu, bamwe mu begereye abategura ihiganwa PSMA bidoga ko abarundi badashigikira iryo higanwa ririko ritegurwa n’abarundi, aho hakurya muri Tanzania ho niyo nkuru igezweho.

Iryo higanwa risanzwe ritegurwa n’umugwi ukomoka mu mboneshakure Platformshow, ribaye ku ncuro yaryo ya 3, riri mu biriko biravugwa cane muri Tanzania.

Inyuma y’uguha agashimwe umwe mu baririmvyi bo muri Tanzania, ibinyamakuru vyo muri ico gihugu, vyahererekanye iyo nkuru kuvy’iryo higanwa ritegurwa n’umugwi uri musi y’uburongozi bwa Dj Pro, asanzwe ari umuririmvyi akaba n’umugwizatunga.

Ibinyamakuru bitandukanye bikomakomeye birimwo EFM n’ibindi, vyagarutse kuri iyo nkuru y’ihabwa agashimwe k’umuririmvyi Stamina. Akaba ako gashimwe yagatwaye mu muce w’umuririmvyi mwiza w’umudiho wa Hip Hop muri Afrika y’ubuseruko.

Mwomenya ko umuririmvyi Big Fizzo nawe ari mu baririmvyi badahengeshanije guhimiriza abarundi ngo bashigikire iryo higanwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775