East Africa NewsEntertainmenthomepagekirundimusic

Platini ngo aronse ah’aca Shaddy Boo Ubwiza bwiwe ntiyobwitesha

 

Platini yigeze kuba ari muri Dream Boys ngo ntaho yohera yanka kugiriranira imigenderanire y’urukundo na Shadia benshi bazi nka Shaddy Boo. Ivyo akaba aheruka kubiyagira kimwe mu binyamakuru I Kigali aho bariko bamubaza ivyavuzwe kuriwe bijanye n’uko yoba yararyamanye na Shaddy aho baherukana I Dubai.

Muri ico kiyago ahanini cari gihagaze ku ndirimbo yiwe nshasha aheruka gushira ahabona, Helena. Iyo nayo ikaba yabonetsemwo uwo munyamideri w’umunyarwanda, Shaddy Boo. Platini yashikirije ko urwo rugendo bakoze ngo rwari urw’akazi gusa,ngo ntiyigeze aronka akaryo ko kuganira na Shaddy boo iryo jambo.

Yabwiye ikinyamakuru igihe ati : “Benshi mu ncuti zanje, bakunda kubimbaza hari n’abamenyeshamakuru babimbajije, gusa nk’uko nkunda kubibwira abo tuganira, s’ibintu nshobora kwanka aramutse abinkundiye, ahubwo ni uko nta mahirwe nigeze ndonka kuko twari mu kazi. ”

Uyu mugore ngo ubwiza afise burakomeye ku buryo atoronka [Platini] aho acisha mu kwanka kugiriranira imigenderanire iyariyo yose mu gihe boba bavyumvikanye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769