BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicPassport

Preeze36 kuri Mannagement zari zikwiye kuba zihari mu muziki

Preeze avuga ko umusahirizi yoba azanywe n’ukumurihira inzu hamwe n’ukumugurira impuzu, uwo ngo yoshaka akirekera.

Preeze ngo nta mugambi afise wo kurondera abasahirizi bamugurira impuzu canke abamurihira inzu, kuko ivyo nawe ngo aravyikorera, ariko ngo yipfuza abasahiri, management, bamufasha ivyo atishoboreye.

Preeze murivyo akaba avugamwo ugukorerwa indirimbo naho yoba imwe canke 2 ariko akabona ko yakoze gikorwa mpuzamakungu. Aho ngo moho umusahirizi yoba akozeico Preeze yipfuza.

Preeze yabandanije avuga ko uwo musahiri yokwipfuza ko bakorana ngo ashire amafaranga mu muziki wiwe, ngo yonamusaba ko mu gihe bagiye gukora amasanamu mu bindi bihugu yaba amerika, Nigeria n’ahandi ko bajana n’umuhinyanyuzi wiwe akorera hano iwacu, ngo kugira nawe arahura ubwenge.

Preeze akemeza ko uko abandi bakora atari ibintu vy’umurengera basumvya abacu, ngo icogukora ngo n’ugukwegerako ubumenyi butandukanye abandi bafise kugira n’abaha nabo bagire aho bageza.

Mwokwibuka ko Preeze aheruka gushira ahabona akaririmbo yise ikirara, aho agaruka ku bana bo mw’ibarabara bafise amazina atri make bitwa nabo bamwe bita ko bishoboye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775