BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Q Boy yavuze ukuri ku ndirimbo Sat-b yabuzemwo agakorana na Rayvanny

Q boy ngo iyaba ari nawe ntiyari kureka gushiramwo agashari, amaze kubona ko indirimbo yanse kujamwo ibaye nziza kandi iriko ishika kure yaho yibaza.

Inyuma y’umwanya utari muto ata kivurwa ku ndirimbo Q Boy yakoranye na Sat-b, Mu gacerere, uwo muririmvyi Q boy yahavuye agira vyinshi ayivugako. Aho ni mu gihe mwibuka ko iyo ndirimbo bakoranye yahavuye isubirwamwo na Q boy nyene akayikorana na Rayvanny, Mu gacerere Rmx.

Mu kiganiro Q boy aheruka kugiranye na Fanny, yahavuye agaruka kuri iyo ndirimbo aho sat-b yahavuye ashavura ngo baramukuye muri iyo ndirimbo.

Q boy yavuze ko kuba Sat-b yamushavuriye ngo n’ibisanzwe, igituma ngo nuko iyo yakoranye na Ray Vanny, yakoze neza gusumba iyo yakoranye na Sat-b.

Kubwivyo, jewe nibaza ko ukwidoga kwategerezwa kuhaba, naho yari kuba ari na jewe. Igituma nuko amaze kubona irya Video, yabonye ko ari Video ikomeye, anabona ko twabishizemwo ubu Serieux, bitandukanye nuko ubwa mbere twayikoze.”

 

Q boy yanavuze ko naho yamushavuriye ngo yari yagerageje kumuganiriza, kugira aze bakoranye kuko Diamond yari yayikunze yari yipfuje ko bayikorera RMX igakomera gusumba.

” Diamond yari yayikunze, ambaza igituma tutoyikora ngo ibe International, nanje nca nubahiriza iciyumviro c’uwo twariko turakorana, kugira tuyishira ku rundi rugezo. “

 

Uwo muririmvyi yavuze ko Sat-b atamukundiye ahubwo ngo yashatse kumwereka ko bitokunda.Yongeyeko ko kurya yubashe ivyo yamubwiye, ngo niko nawe yomwubahira ivyabaye. Uretse ko ngo atarakwiye gushavura kuko ngo indirimbo atari rwiwe ari iya Sat-b.

Sinamwibagiye mugenzanje, kuko naramurondeye kuri Telephone ndamubwira uko ibintu bimeze, ndamusaba kuza. Amaze kwumva ivyo ndamusavye, yabonye ko ari ibintu bisanzwe, Nawe aca anyereka ko ari muri Management ndiko ndakora akazi kanje. Jewe naciye nubaha uko bihagaze. “

 

Mukibuka ko iyo ndirimbo iri mu ndirimbo zatumye uwo muririmvyi Q boy avurwa cane hano iwacu, mu gihe akomoka mu gihugu ca Tanzania i Kigoma nkuko yabiyagiye mugenzi wacu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775