BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicUncategorized

R Flow yavuze ku ndirimbo nka Sheba zatumye amenyekana cane

 

Indirimbo yakoreye amasanamu mu myaka yahera zitaboneka ku rubuga rwa YouTube rwiwe ngo zigiye kubonekako, ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na R Flow ubwiwe mu kiganiro The Profile gica kuri Isanamu Tv.

Muri ico kiganiro riche Florin benshi bazi nka R Flow avuga ko ata musahiri afise muri ino misi, ariko arafise abamushigikira muri ibi na biriya mu bikorwa vyiwe vy’ugukora umuziki. Akaba yanagiriye ahumuriza aboshaka kumufata mu ntoke ko imiryango icuguruye, ariko ko batagerezwa kuba bafise umugambi mwiza w’ukumushira ku rundi rwego.

R Flow yanabajijwe iyo indirimbo ziwe za kera nka Sheba n’izindi ziri, kuko zitaboneka ku rubuga ngurukanabumenyi rwiwe rwa YouTube. R Flow avuga ko zizojako Vuba Imana ibikunze, kuko afise izisa neza atari izisa nabi zari zisanzwe zishirwa kuri izo mbuga.

Yabajijwe ico azoca akora kuri izo zindi mbuga zisanzwe zifiseko izi ndirimbo, yavuze ko izo mbuga nibabona ashizeko izo afise ngo nabo barabizi ko bazoca bazikurako ngo ntazorinda kubibasaba.

Mwomenya ko Riche yavuze ko ata wogira ikibazo ca Collabo, kuko zihari ahubwo ngo akanya nikagera ngo zizoca zishirwa ahabona.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 799