BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Raissa ahamagarira abandi bigeme kwifatanya nawe mu mwuga w’ubu Queen Video

Umwigeme yakoze nka Queen Video mu ndirimbo ya Dr Claude, ya Dj Pro, ya Swagg Team, co kimwe no muya Sat-b, avuga ko abakobwa bakunda uwo mwuga w’ugutamba mu ndirimbo ngo boshira ubwoba bakirengagiza amajambo, noneho bagatangura bagaca amahera.

Mu kiganiro aheruka guha imboneshakure Magic Tv, yamenyesheje ko uwo mwuga uhemba neza, yanaboneyeho akaryo ko gusaba abandi bigeme babikunda, nabo kuja gukora ako kazi.

Uwo mwigeme afise ubwenegihugu bwa Congo n’ubw’Uburundi, avuga ko amaze kuboneka mu ndirimbo zitari nke, iya vuba ikaba ari Jugumira ya Dr Claude. Muri ico kiganiro nyene yavuze ko abo baririmvyi ngo ata bucuti burenze ubw’akazi bafitanye. Raissa yabandanije abwira Minouche ko abo baririmvyi banafatana neza cane.

Muri ico kiganiro nyene, uwo mwigeme yabajijwe uko abavyeyi bavyakiriye kumubona mu ndirimbo, yavuze ko ata kibazo na kimwe yagize. Igituma ngo nuko we yatanguye uwo mwuga atamba mu mugwi, ngo yamye akurikiza ico abavyeyi bamusaba, nko gutaha kare.

Mwomenya ko uwo mwuga utabonwa neza n’abantu bose, igituma ngo nuko abo bigeme kenshi usanga bafitanye ubucuti bundi budahuye n’umuco kama  n’abo baririmvyi baba bariko barakorana ivyo bikorwa, naho abo baririmvyi ubwabo abatari bake bavyamirira kure.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775