BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusicUncategorized

Rally Joe ngo nawe arakumbuye gusohora akaririmbo

Inyuma y’imisi umuririmvyi Rally Joe Ari mu gacerere, uwo muririmvyi ngo buca asubira gushira ahabona ikindi gikorwa gishasha.

Uwo muririmvyi w’indirimbo zitari nke zakunzwe na benshi, akaba mu majambo yabashije gushira ahabona yavuze ko abafana batari bake boba bamurembeje.

Uwo muririmvyi akoresheje urubuga rwiwe rwa Whatsapp, yashize ahabona imyidogo ya bamwe mu bafana biwe.

Mu kiganiro yigeze guha kimwe mu binyamakuru vya hano iwacu, Rally Joe yari yamenyesheje ko aticaye, ngo buri gihe arandika, Kandi akanakora Indirimbo zitari nke, ariko ngo ntiyihutira gushira ahabona.

Uwo muririmvyi akaba yanashikirije ko hampande y’uko abafana bamukeneyeko izindi ndirimbo ngo nawe asanzwe anakumbuye gusohora akaririmbo gashasha.

Rally Joe akaba yaheruka gushira ahabona akaririmbo gashasha, haraheze amezi 4, ako nako Kakaba kitwa Mariya kamaze kurabwa n’abarenga 6,700 kuri YouTube yiwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 799