africa newsCongohomepagekirundisecuritysociete

RDC : Abantu 15 baritavye Imana abandi batazwi igitigiri barabura irengero

Abantu bagera kuri icumi na batanu nibo bamaze kumenyekana ko bitavye Imana n’ayo abandi bataramenywa igitigiri barabura irengero inyuma y’umukuba wadutse ku kiyaga kiri mu burengero bwa Repubirika iharanira demokarasi ya Congo ku mugoroba wo ku wa mbere uheze, igenekerezo rya 20 Nzero 2020.

Amakuru ashikirizwa na Buramatari wo mu ntara ya Mai-Ndombe Cosmos Mbo Wemba, amenyesha ko uwo mukuba wateye mu gihe hari ubwato bwarimwo abagabo n’abapfasoni baharurwa mu mirongo itatu bari bavuye ku maziko ku birometero bigera kuri 35 uvuye aho, maze bageze ahitwa Bankary ubwato buterwa n’umuyaga udasanzwe, uhitana igipande c’ubwo bwato barimwo.

Buramatari Mbo Wemba amenyesha ko gushika n’ubu bakiriko bararondera abo babuze irengero ko bobatora.

Twobamenyesha Mai-Ndombe co kimwe n’intara zitari nke zo muri ico gihugu kwiyunguruza bitoroshe bivanye n’uko amabarabara yaho atagendeka neza, ingendo nyinshi zikaba zikorwa ku mazi, ahama hadutse imikuba idasanzwe igahitana ubuzima bw’abantu kumvo z’uko n’ubwato butari buke bakoresha usanga bushaje hama kandi bagaca barenza ivyogenewe gutwarwa muri nya nzato.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756