africa newsCongohomepagekirundisecurity

RDC : Abapolisi 2 bagandaguwe na mugenzi wabo

Mu gisagara ca Kinshasa aba polisi 2 bagandaguwe na mugenzi wabo uwo yabagandaguye bikaba vyashikirijwe ko asanzwe agwaye mu mutwe, nkuko vyashikirijwe n’umwe mu ntwazangabo zo muri ico gisagara.

Uwo musirikare bivurwa ko arwaye mu mutwe, ngo yoba yari yivye inkoho hamwe n’amasasu mw’ikambi, umusi umwe imbere yuko Noel iba, noneho yiha inkumbi. Ariko bikavurwa ko harimwo n’abakomeretse hampande y’abahasize ubuzima.

Igipolisi cinshi kikaba cahavuye kirungikwa mu kibanza ngo bikunde barabe uburyo bogarukana agahengwe muri ico kibanza, ariko babanje gufata mpiri uwo mugabo.

Nkuko amakuru dukesha AfricaNews abishikiriza, ivyo bishitse mu gihe muri Congo Kinshasa, haheruka guciribwa urubanza umu polisi wo hejuru ahogwa kwica umwe mu batwara ibitaro amuhora amatongo, muri iyo misi nyene umwe mu bakozi bakomeye nawe akaba yarakombowe bivuye kuko yateye ubwoba umwe mubacamanza bo mu gace ca Lubumbashi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755