africa newsCongohomepagekirundisecurity

RDC : FARDC yahaye igisirikare c’Urwanda abarwanyi 71 barwanya ubutegetsi bw’ico gihugu

Igisirikare ca Repubirika iharanira demokarasi ya Congo kimenyesha ko kuwa gatandatu w’indwi iheze catahukanye abarwanyi b’Urwanda 71 baheruka gufatwa mu rugamba rubandanya rwo kurwanya imirwi y’abarwanyi muri ico gihugu.

Nk’uko bishikirizwa na Kapiteni Dieudonné Kasereka avugira ingabo za Congo ziri muri urwo rugamba, ngo abo barwanyi bose uko ari 71 ni abo mu murwi Conseil national pour la renaissance et la démocratie (CNRD).

CNRD ni umurwi wiyonkoye kuri Forces démocratiques pour la libération du Rwanda (FDLR) ikorera mu buseruko bwa Repubirika iharanira demokarasi ya Congo.

Urugamba rwo kurwanya imirwi yitwaje ibirwanisho mu karere ka Kalehe rwatanguye ku wa 26 Munyonyo mu karere ka Kalehe.

Kapiteni Kasereka yabandanije amenyesha ko abo barwanyi bashikirijwe igisirikare c’Urwanda bari kumwe n’abandi 1471 bagizwe n’imiryango yabo, bakaba bakiriwe na koloneli Patrick Musho ku ruhande rw’Urwanda.

Avuga ko intambara zikibandanya mu karere ka Mwenga, aho abo barwanyi ba CNRD bari bageze bariko berekeza mu karere ka Fizi.

Nayo mu ntambara zabaye ku musi wa Mungu waraye uheze mu gace ka Kasika zahuje abasirikare ba Congo n’abo barwanyi avuga ko abaharurwa mw’ijana banse gushira ibirwanisho hasi, bashoboye kwica umunyamabanga mukuru wa CNRD, bongera bafata mpiri n’abarwanyi bashika kw’icumi.

Kw’igenekerezo rya 16 z’uku kwezi kwa kigarama, umurwi wa mbere ugizwe n’abarwanyi 291 hamwe n’abana 11 baratahukanywe inyuma y’aho batsindiwe n’igisirikare ca Congo mu ntara ya Kivu y’Ubumanuko.

Kapiteni Kasereka avuga ko uwo murwi w’abo batahukanywe ku wa gatandatu ugizwe n’abaheruka gufatwa no kwishikana, baka bari bacungiwe mw’ikambi ya gisirikare ya Nyamunyunyi iri ku birometero 30 uvuye i Bukavu, umugwa mukuru wa Kivu y’Ubumanuko.

Ku wa 8 z’uku kwezi nyene, igisirikare ca Congo cari catangaje ko abantu 1200 b’umurwi CNRD bagizwe n’abarwanyi hamwe n’imiryango yabo muri iyo ntara bishikanye.

Mu buseruko bwa Congo, haharurwa imirwi y’abarwanyi ishika 133, imwe igizwe n’abanyekongo iyindi igizwe n’abanyamahanga, muri iyo 35 irwanira muri Kivu y’Ubumanuko, nk’uko bivugwa na Kapiteni Kasereka. Avuga ko igisirikare ca Congo kitarota gihagarika ibitero ku mirwi y’abarwanyi barwanira muri ako karere gushika iyo mirwi yemeye gushira ibirwanisho hasi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755