africa newsCongohomepagekirundipoliticssociete

Repubirika iharanira demokarasi ya Congo yoba igiye kugaburwamwo kubiri?

Leta ya Congo Kinshasa irahakana ibivurwa ko yoba ifise umugambi wo kugaburamwo ico gihugu kabiri, igice c’ubuseruko bwa kigahabwa ibihugu birimwo Uganda, Urwanda n’Uburundi.

Aganira na BBC, umuvugizi wa Leta ya Congo Kinshasa, Jolino Makelele, yahakanye ivyo bivurwa, avuga ko ata mugambi n’umwe bafise wo kugabura ico gihugu.

Aho ni mu gihe Leta ya Congo kinshasa yo iza mu kibanza ca 2, ariko ikibanza ca 1 ngo gihabwa ivyo bihugu, bimwe bimwe vyo ngo biza vyamaze no gutangura kwimurira abantu babo mu bice bimwe bimwe bigize ico gihugu gishasha.

Uwo muvugizi w’iyo Leta yanagarutse kuri Martin Fayulu yagirije Leta ya Congo kinshasa ko ifise uruhara muri uku kugaburwamwo ibice kw’iki gihugu. Aho avuga ko ari ukwiyumvira guke.

Jolino akaba kandi yanavuze ko batazokangwa n’umutwe witwaje ibirwanisho n’umwe, canke igihugu na kimwe cohirahira ngo gishatse kuvogera ico gihugu ngo kigitware ikibanza na kimwe bafise. Aho akavuga ko bamaze kuvyerekana neza mu kugwanya imirwi yitwaje ibirwanisho itandukanye nka FDLR na ADR.

Mwomenya ko abavuga bavuga ko uwuramutswa ico gihugu Felix Tshisekedi yoba agiye kumarira ibice 50% vyari bisigaye inyuma yaho Kabila we ashikanye 50% vy’uwo mugambi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 756