EntertainmenthomepagekirundimusicWorld News

Rihanna yatandukanye na Hassan Jameel uwari umukunzi wiwe

Rihanna ngo yamaze gutandukana n’umukunzi wiwe w’umwarabu, Hassan Jameel. Ivyo bikaba biheruka gushikirizwa n’ikinyamakuru Us Weekly.

Nkuko amakuru dukesha ikinyamakuru Elle abivuga ngo abo bakunzi bari bamaranye imyaka 3, nkuko bafatanye ngo akaba ari nako batandukanye nkuko ico kinyamakuru kibandanya kibishikiriza.

Bimenyekana ubwa mbere ko bari mu rukundo, ngo hari muri 2017 aho umwe mu begereye uwo muryango yabwira ikinyamakuru ko Rihanna asigaye asohokana n’uwo munyamafaranga w’umwarabu.

Ivy’urwo rukundo rwabo vyagumye mw’ibanga gushika batandukanye. Rihanna ngo yaheruka kumenyesha ko hari vyinshi yigiye kuri uwo mukunzi wiwe, aho akanavugamwo ugutandukanya ubuzima bwiwe bwite(Private life) hamwe n’ubuzima bwo mu kazi(Professional).

Abo batandukanye ata wubashije gushira ahabona uwahevye uwundi, igihe vyabereye n’impamvu. S’ico gusa kuko ngo hari n’ubugeni bwariko butegurwa, noneho bupfuye.

Mwokwibuka ko Jameel yinjiye mu gakino aruko Rihanna avanye na Chris Brown bari bamaranye igihe. Abo bo ivyabo bikaba vyari ahabona.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769