BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Romeo ngo ivyo Olegue ashikiriza mu ndirimbo ziwe n’abandi barabivuga

 

Indirimbo za Olegue ngo ikibazo zifise s’ubutumwa burimwo, kuko ivyo uwo muririmvyi aririmba canke afise ku mutima n’abandi bose barabiririmba. Ivyo n’ibiheruka gushikirizwa n’umuririmvyi Romeo akaba kandi n’umuyobozi wa Amical des Musiciens. Ivyo akaba yabivugiye mu vyigwa vyari vyatunganijwe na Bantu Bwoy Ent.

Ubwo butumwa bw’uwo muyobozi bukaba bwakurikiye ubw’uwo muririmvyi [olegue] amenyeshereje ko ata mugambi afise wo guheba umuziki, naho abatari ake bamwipfuriza gusubira mw’ibuye, ikibanza avuga ko atazosubiramwo akiri muzima.

Muri ivyo vyigwa, Romeo ntiyagarukiye ngaho kuko yavuze ko ikibazo izo ndirimbo za Olegue zifise ari uburyo zanditse, uburyo ubutumwa butangwa.  Akaba yahavuye anamusaba ko yoza araraba  uwo yizeye arimwo n’umushingwamanza wiwe, maître Muvayo kugira aze amurabira ko ivyo agira aririmbe bitomutera ikibazo.

Olegue yanavuniwe akagohe ko abamubesha, abasukanyi, batari bake aho hanze, kuko ngo igihe bizogira ico bimukozeko ata numwe muri abo bamushigikira bamubwira ko vyose ari sawa azobona.

Ubwo butumwa bushikirijwe mu gihe abatari bake barimwo abantu basanzwe, n’abandi batandukanye begereye ivy’umuziki hano iwacu bavuga ko uwo muririmvyi arenganwa kuko indirimbo z’abanyamahanga zirimwo ibisa n’ivyiwe, canke iziteye isoni bikomeye ngo zirahari kandi ziravuzwa cane hano iwacu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775