kirundikirundi_SportsSportvolleyball

Rukinzo yatakaje inkino zibiri za mbere muri Tuniziya.

Igihugu ca Tuniziya nico kiriko gitunganya ihiganwa rikomeye rya CAVB rihuza imirwi yabaye iya mbere mu bihugu vyabo kuva kw’igenekerezo rya 16 gushika kurya 28 Ndamukiza 2021 . Uburundi bukaba bwaserukiwe n’umurwi w’igipolisi Rukinzo Volley ball club .

Umurwi waserukiye igihugu cacu Rukinzo uri mu muce wa mbere A usangiye na Armée Patriotique Rwandais ariwo APR yo mu Rwanda , Kenya ports autority na Espérance Sportive de Tunis .

Mu rukino rwa mbere kuri uyu wa mungu Rukinzo ikaba yatsinzwe ama seti atatu ku busa na Espérance Sportive de Tunis (25-13, 25-10 , 25 -9 ) vyumvikana ko barushijwe cane kuko batashikanye n’amanota 15 ariko kubakurikiranira hafi izo nkino bemeza ko ariho abakinyi baharonkera ubukomezi kubera baba bariko barahiganwa n’abandi bafise uburambe mu kurindira ko bahura na APR na KPR dusangiye akarere ka Afrika y’ubuseruko .

Rukinzo volley ball club ikaba yifashishije abakinyi babiri ba Amical aribo Dr Sixte Nderagakura na Dukundane Paterne ariko naho biruko uwo murwi wongeye gutakaza urundi rukino bakaba batsinzwe na APR yo mu Rwanda iseti 3 Ku busa (14-25, 15-25, 19-25) bakaba basigaje urukino rwa nyuma muce barimwo A rukazobahuza n’umurwi Kenya ports authority.

Mwomenya ko n’umurwi w’abakenyezi Muzinga wo mu Burundi uri mu mirwi izoja mu mahiganwa nkayo mu gisata c’abakenyezi.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 635