BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Rwa rukurikirane rwa Mkomboz ngo rwamaze kurangira

Za ndirimbo zibwa muri Tanzania, zishobora kuba zamaze kuboneka. Igituma nuko umuririmvyi Nzeyimana Thomas benshi bazi nka Mkomboz abicishije ku rubuga rwiwe rwa Facebook yamenyesheje ko urwo rukurikirane rwamaze guhera.

Urwo rukurikirane nkuko yabandanije abishikiriza, ngo rwakozwe n’abahinyanyuzi batandukanye barimwo abo muri Kenya, muri Tanzania hamwe n’abo muri Uganda. I Logos, S2kizzy, Sheddy  Clever Touch hamwe na Sirdanny Magic.

Bakoresheje indimi zitandukanye, abakurikirana imbuga gurukanabumenyi z’uwo muririmvyi berekanye inyota n’igishika bafitiye izo ndirimbo z’uwo muririmvyi amaze igihe indirimbo ziwe zisa nkaho zidakunzwe nkuko vyari ubwa mbere.

Aha mwomenya ko izo ndirimbo zitaramenyekana ubutumwa buzoba burimwo, mbere n’igitigiri c’indirimbo kizoba kiri muri urwo rukurikirane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775