BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicPassportpromotedTabac

S’aba Manager, abanyamanyanga n’abaririmvyi

Bamwe mu basambuye haheze igihe gito batanguye gukorana. {Wanda I buryo na Sat-b I bubamfu}

Ugushirwa mu buzima burengeye ubwo yahoramwo ngo ni bimwe mu bituma abo baririmvyi badaheza ngo bahuze n’abanyamitahe baba bashaka gushira amafaranga mu muziki wabo.

Abaririmvyi ngo nibo bafise ikibazo, ivyo bikaba bishikirizwa na Big Ibbra mu kiganiro yagiranye na BeTv ku ruhara rw’itandukana ry’abaririmvyi na management ziba zibashizeko amaboko.

Uwo akavuga ko mu gihe hatanguye kuboneka abashira amafaranga mu muziki mu gihe abandi batavyerekwa, ngo abaririmvyi baba bacaguwe bari bakwiye kuraba bagakorana neza n’abo banyamitahe -Investors-.

Imvo n’imvano y’ukuvana akenshi ngo n’abaririmvyi baba bagize amero y’amafaranga, mu gihe amafaranga atanguye kuboneka bagashaka guca batwara utwo baronse twose bakibagira uwabashizemwo amafaranga kugira bashike aho bageze.

Mu gihe hari abaririmvyi bavuga ko izo mannegement zibanunuza kuvyo baba baronse, Ibbra avuga ko atarivyo. Agasobanura ko umuntu yatanze imiliyoni zirenga 10, hama muronse 2 mu giteramo muronse ubwa 1 aguhaye make nta kununuzanya vyari birimwo, akangerako ko abo baririmvyi.

Ukwo kuvana umumeyeshamakuru Edisson akorera Radio Culture akavuga ko binafatira ku buryo abo banyamitahe bafata abririmvyi, kuko ngo babaha ibirengeye uburyo baba babayeho, ngo iyo bagize ico baronka baca bashaka kwagura inda.

Mukibuka ko ngaha iwacu dufise abarririmvyi batigera barangiza imyaka baba bavuganye n’abanyamitahe baba bagiye gukorana, aho tukavuga ko ku mutwe w’urutonde haza Sat-b amaze kuvana n’abanyamitahe batari bake kandi bose batarangiza amasezerano.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775