BurundiÉnergiehomepagekirundikirundi_Sports

Sada Nahimana ngo ntazi uko mu mwaka uza azitabira amahiganwa

Sada Nahimana  ngo ntazi uko mu mwaka uza azobasha kwitabira amahiganwa y’urukino rwa Tennis , ivyo nivyo yashikirije mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru BBC mu rurimi rw’Icongereza.

Muri ico kiganiro nyene uwo mukinyi wa Tennis yamenyesheje ko naho atazi uko mu mwaka bizoba bimeze, ngo uno mwaka yarabashije kuronka uburyo yakoresha mu kwitabira amahiganwa, ayo akaba yayahawe nk’agashimwe n’ishirahamwe rya Tennis, kubera ikibanza yaronse mw’ihiganwa.

Uwo mukinyi  yatanguye afise imyaka 8, avuga ko kandi muri ino misi ikiza ca Corona Virus kiraje ishinga isi ngo bitoroshe kuronka amahiganwa ajamwo kuko ibihugu vyinshi bidashaka kwakira amahiganwa.

Sada ntiyaretse kuvuga ko muvyo yipfuza, ashaka gushika ku rwego rukomeye gose muri uyo mwuga, kugira aserukira Afrika mw’isi, kuko hano iwacu muri Afrika amahiganwa ya Tennis ku bakobwa ngo bitari ikirenga.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 878