footballgroups-at-messageInkinokirundi_SportsSport

Saido Berahino ariko aronderwa n’Imigwi ikomeye yo muri Ecosse

Ku makuru tuhabwa ni kinyamakuru Sky Sport aravuga y’uko kizigenza w’umugwi nserukira gihugu w’Intamba mu Rugamba Saido Berahino ariko aronderwa n’imigwi ikomeye yo mu gihugu ca Ecosse .

Imigwi iriko irondera uyo mukinyi akaba ari Celtic hamwe na Grasgow Rangers ikina mu cicaro ca mbere .

Mwomenyako umugwi wa Celtic ariwo watahukanye igikombe c’uyu mwaka bikaba vyaciye biyiha n’amahirwe yo gukina UEFA Champions League mu gihe Rangers wafashe ikibanza ca kabiri uzokina ihiganwa rya Europa League .

Twobibutsa kandi  y’uko mu misi iheze  umugwi wa zulte Weregem wo mu Bubirigi ukinamwo Saido Berahino wari wavuze y’uko uri mu migambi yo kugurisha uyo mukinyi kugira urabe  ingene wo kwiyunguganya mu bijanye n’uburyo muri uyo mugwi atari ikirenga bivanye n’ikiza ca corona-Virus

What's your reaction?

Related Posts

1 of 327