BurundihomepageIKIRUNDI_newsInkinokirundikirundi_actualitekirundi_Sports

Saido Ntibazonkiza ngo nawe yokwikura muri Platformshow awards 2022

Mu mahiganwa ya Platformshow awards y’uwu mwaka wa 2022, ngo hashobora kujamwo igice c’abakinyi bakina hanze y’igihugu.

Mu kiyago cabereye kuri Instagram, umukinyi w’umupira w’amaguru, Saido Ntibazonkiza asanzwe akinira umugwi wa Yanga African wo muri Tanzania yavuze ko Ari nka hamwe ashizwe mu bazohiganwa atokwanka kuja guhiganwa.

Naho yavyemeye akaba yagoboreyemwo ko atokwemera gushirwa mu mahiganwa atatunganijwe neza, ngo nawe asanzwe bidatumganije neza yoca asaba gukurwa mu bariko barahiganwa.

Uwo mukinyi akaba muri ico kiyago yanabajije nimba muri iryo higanwa hatangwa Awards gusa, ata mahera batanga, yishurwa ko amafaranga atarimwo kuko wosanga utanze amafaranga atajanye n’icubahiro c’uwutahawe.

Mwomenya ko iyo Live yari yakozwe na Miata Champagne, hamwe na Big Fizzo, ariko bagiye barakira abariko barabaza ibibazo bitandukanye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 878