kirundi_SportsIKIRUNDI_newsUncategorized

Saido Ntibazorikina yaraye afashije kandi Young Africans gutahukana intsinzi

Umukinyi Saido Ntibazorikiza akina mu murwi nserukiragihugu Intambamurugamba afise imyaka 34 yaraye afashije Young africans gutsinda umurwi Mtibwa Sugar aho yatsinze igitsindo ciwe ku munota wa 45 nyuma y’iminota mike bavuye mukaruhuko atanga umupira uvamwo igitsindo kumunota wa 66.

Saido ni umukinyi wa kera mu murwi Vital’o, yayikiniye kuva 2003-2005, nyuma yaho yerekeza mu gihugu ca Pays bas kuva 2005-2010 mu murwi NEC Nimegue,avuye Aho yarerekeje muri Pologne, Turquie,France mumugwi SM Caen mumwaka wa 2016.

Ni umukinyi yamaze imisi itari mike ata murwi afise akinira, ubu akaba ari icitegererezo akaba n’umukinyi ngenderwako mu mugwi Young Africans, aho yinjiye muri uwo murwi mu mwaka wa 2020.

Indundi Magazine mu gisata cayo ca Sports ibipfurije ibihe vyiza.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 320