East Africa NewsEntertainmenthomepagekirundimusicTanzania

Sallam SK Manager wa Diamond ngo ntaherekeza uwuja gutunga

SK ngo uwuja gutunga ntamuherekeza, barajana bose bakaronka ico babiriye akuya.

Sallam SK umwe muba Manager bakomeye ba Diamond Platnumz bemeza ko ata mugambi bafise wo guherekeza abatunga.

Iryo jambo akaba arisubiyemwo kuri micros za Dissim online inyuma yaho abivugiye kuri Wasafi FM abazwa ivy’ukutavuga rumwe kwa Diamond na Alikiba.

Uwo mugabo yabwiye ico kinyamakuru co muri Tanzaniya ko atawe yigeze afasha mu muziki muri Tanzaniya, ahubwo ngo yakoranye n’abatari bake.

Ivyo akaba abivuga afatiye ko abaririmvyi iyo umufashije amaze gukomera, aca aguta nk’akanuka. Ariko iyo mukorana ngo mwese mugira ico muronse kuri ivyo bikorwa vyamuteje imbere.

Sallam anavuga kandi ko ugukorana bituma atawishira hejuru ngo asumba uwundi, aho agafatira mu batwara ibinyamakuru badasiba kwamiza mu kanwa ijambo “Narafashije kanaka”.

Ariko naho avuga ko atawe yafashije, avuga ko igikorwa co gukorana na kanaka, agatera imbere nawe akaronka agafaranga ngo atari igikorwa coroshe kuko abamunyanganije amafaranga bo batabaye bake.

Ivyo bikaba bivuzwe mu gihe abaririmvyi batari bake badahengeshanya gusaba ko bafashwa, ariko muri kino gihe haba hano iwacu, mu karere canke muri Afrika yose, bakaba benshi babona ko hanakwiye gushirwa imbere amafaranga kuko ubu umuziki ari urudandazwa kandi rwinjiza amafaranga atari make.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769