BurundiHealthhomepagekirundiSanté

Coronavirus : Uku niko ibitigiri vyifashe mu Burundi

Kuri uyu wakane waraye uheze, igenekerezo rya 8 Gitugutu 2020, umushikiranganji ajejwe kubungabunga amagara y’abantu n’ukurwanya Sida, Thaddée Ndikumana yaratanze icegeranyo c’isekeza ” Ndakira, sinandura kandi sinanduza covid-19.”

Kubwa  Thaddée Ndikumana, Uburundi bwarashoboye kurwanya bwivuye inyuma umugera wa Coronavirus kurwego rushimishije.

Kuva isekeza ritanguye, haraciye amezi atatu, ibitigiri vyifashe uku gukurikira :

• 42.145 ni bo bapimwe mu gihugu cose ;

•514 nibo banduye;

•495 nibo bakize;

•18 nibo bakirwaye ( Bose ni abaje bava hanze y’igihugu);

•1 niwe yitavye imana.

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ari nawe yatanguje iryo sekeza amenyesha ko bishoboka gutuza burundu ikiza ca korona ariko agasaba abarundi bose kuguma bagavye mu gukurikiza amabwirizwa yatanzwe n’abajejwe gukingira amagara y’abantu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764