BurundihomepagekirundiSanté

#Santé : Uku niko ikiza ca Coronavirus cifashe mu Burundi kugera kuwa 3 Ruhuhuma 2021

Kuva hatangujwe isekeza rya kabiri ryo gupima ikivunga umugera wa koronavirisi, ibiharuro vyifashe uku gukurikira:

  1. bamaze gupimwa bose ni 31950
  2. Abanduye ni 663
  3. Abamaze gukira:370,
  4. Abakirwaye nabo ni 270.

Umushikiranganji wo kubungabunga amagara y’abantu n’ukurwanya Sida Thaddée Ndikumana asaba abarundi kubandanya bubahiriza ingingo zo kwikingira na canecane gukaraba amazi meza n’isabuni kenshi kabaho nayo uwumvise ibimenyetso vy’ico kiza nk’ibicurane, inkorora n’ibindi yoheza akanyarukira kwipimisha anamenyesha ko bikorwa ku buntu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 764