BurundiHealthhomepagekirundiSanté

#Santé: Umushikiranganji w’amagara y’abantu arabeshuza amakuru amaze imisi avugwa.

Umushikiranganji ajejwe kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida Thaddée Ndikumana arabeshuza amakuru amaze imisi aca ku mbuga ngurukana bumenyi.

Agira ati “Barabesha, udufukamunwa nta migera ya koronavirisi turimwo”. Ivyo abishikirije mu gihe hari hamaze igihe hahanahanwa ku mbuga ngurukana bumenyi inkuru z’ibihuha zivuga ko udufukamunwa twoba turimwo imigendera ya koronavirisi, abatari bake bakaba bari basigaye banatinya kutwambara kubera iyo mvo.

Umushikiranganji Thaddée Ndikumana, amenyesha ko ari ibinyoma bikwiragizwa n’abantu bafise izindi ntumbero. yongera akamenyesha kandi ko udufukamunwa twose tuba twasuzumwe ko tumeze neza imbere y’uko twinjizwa mu gihugu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765